UBM News ads

Ibitigiri vy’ubwoko mu nzego za Leta vyoba bigiye gufutwa?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nkenguzamateka y’uburundi yatangaje kuri uyu wa mbere ko urwego arongoye rugiye kwiga nimba itegeko ry’ibitigiri mu nzego za Leta , bijanye n’ubwoko bigikenewe canke bitagikenewe. Emmanuel Nsinzohagera yabitangaje kuri uyu wa 6 Ruhuhuma 2023 mu gisagara ca Bujumbura igihe hariko hahimbazwa imyaka 32 ihaciye ubumwe bw’abarundi bwemejwe.

Kubwa Emmanuel Nsinzohagera, “harageze nimba hatarenganye ko abantu bashirwa mu bibanza kubw’ubushobozi bwabo ariko Atari kubw’ubwoko bwabo”

Uwo arongoye inama Nkenguzamateka yita ivy’amoko ko ari “uburozi abarundi bariye kandi bizobagora kudahwa”
Mu myaka ibiri gusa isigaye kugira ikiringo c’abakenguzamateka kirangire, Urwo rushobora gusaba ihinyagurwa ry’ingingo ziri mw’ibwirizwa shingiro rivuga ibijanye n’ibitigiri vy’ubwoko.

“Biraboneka ko hageze guhindura iyo ngingo y’ibwiriza shingiro , abaserukira abanyagihugu bazobimenyeshawa banabimenyeshe umukuru w’igihugu” Niko Nsinzohagera yavuze.

Tubibutse ko Umusi w’ubumwe bw’abarundi uhimbazwa kuva mu mwaka wa 1991. Ukaba washizweho n’uwahoze arongoye uburundi, umuhisi Perezida Buyoya hari inyuma y’ubwicanyi bwa Ntega na Marangara bwahitanye abantu barenga ibihumbi mirongo itatu.
Ibitigiri vy’ubwoko vyashinzwe n’amasezerano ya Arusha mu mwaka wa 2000 kugira ubutegetsi buzosabikanywe n’abarundi bose mu mahoro ntangere. Ivyo bitigiri navyo ayo masezerano ya Arusha yabitegekanije uku:Abahutu bazoja mu nzego ni ibice 60 kw’ijana nayo abatutsi nabo bagahabwa ibice 40 kw’ijana. Mu nzego z’umutekano n’iz’ukwivuna abansi naho abatutsi n’abahutu bakazonganya bose ni ukuvuga ibice 50 kw’ijana. Ayo masezerano ya Arusha niyo yatumye abahoze ari abaroberi bo mu bwoko bw’abahutu binjira mu gisirikare , ico gihe cari ciganziwe n’ubwoko bumwe bw’abatutsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments