UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urwanda rumenyesha ko rutiteguriye gusubiza mu ndumane ku vyo uburundi buriko bukorera abanywarwanda baba i Burundi..

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda irahumuriza abarundi baba mw’ico gihugu ko ata ngorane bazogira bitewe n’ingingo iheruka gufatwa na Leta y’uburundi yo kwugara imipaka yose iyihuza n’ico gihugu kibanyi. Ivyo urwanda rubitangaje kandi inyuma yaho umushikiranganji w’uburundi ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse amenyeshereje ko abanyarwanda benshi baba mu Burundi bahagaritswe ndetse bongera barirukanwa ku butaka bw’uburundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu , Alain Mukalurinda, icegera c’umuvugizi wa Leta y’urwanda yagize ati:«Mpumurize abarundi baba hano mu Rwanda. Bo baryame, batuze, bakore akazi kabo, uwushaka kuhaguma, ahagume, uwushaka kwambuka agasubira iwabo, agende kuko urwanda ntirwapfunze umupaka ariko ntihagire uwugira ikibazo canke ahungabane ngo ni uko Leta y’uburundi yavuze ko abarundi bagomba gufunga imipaka yabo»

Amasoko yavuganye n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi avuga ko mu gisagara ca Bujumbura hari abanyarwanda benshi bahagaritswe mu mukwabu wakozwe n’igipolisi. Amakaritiye yo mu buraruko bw’igisagara abamwo abanyarwanda benshi niyo yakozwemwo uwo mukwabo. Bamwe mu bafashwe bakaba ngo bari bafise ubwoba ko bashobora kwicwa nkuko bibandanya bivurwa na Sos Médias Burundi.

Naho utatomoye neza kw’ico kibazo, Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC usa nawone wagize ico uvuga ku ngingo yafashwe n’uburundi yo kwugara imipaka yose ibuhuza n’urwanda ,Aho uhamagarira ibihugu vyose vyo muri uyo muryango bitumvikana kwama na ntaryo bikurikiza uburyo bwo gutatura amatati busanzwe butegekanywa n’iryo shirahamwe imbere yo gufata ingingo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments