UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Burundi-Rwanda (imigenderanire): Abanyarwanda 50 baba mu ntara ya Cibitoke barapfunzwe.

Abanyarwanda 38 barapfungiwe mu gasho ka komine ya Mugina nayo 12 bakaba bapfungiwe muri komine ya Rugombo, ni mu ntara ya Cibitoke. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Leta y’uburundi ifatiye ingingo yo kwugara imipaka yose yahana urubibe n’urwanda ndetse ikaba yanamenyesheje ko itagikeneye abanyarwanda baba ku butaka bw’uburundi ko umuti wabo ari ukubirukana.

Nkuko dukesha iyi nkuru ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Ngo abo banyagihugu bakomoka mu gihugu c’urwanda bagiye barahagarikwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mu burere nka bwose bagiye barafatirwamwo.

Ku musi wa kane no kuwa gatanu w’iy’indwi turiko tusozera, Sos Médias Burundi yandi ivuga ko abandi banyarwanda 46 barirukanywe basubizwa mu gihugu iwabo. Abandi banyarwanda batamenyekanye igitigiri boba nabone barahagaritswe mw’iyi misi ibiri iheze muri komine ya Mabayi.

Kuri uyu wa gatanu, Leta y’urwanda yaramenyesheje ko ititeguriye gusubiza mu ndumane kuvyo uburundi buriko bukorera abanyarwanda baba mu Burundi. Alain Mukalulinda asanzwe ari icegera c’umuvugizi wa Leta y’urwanda yarahumurije abarundi basanzwe baba mw’ico gihugu ko ata ngorane bazogira bitumwe n’ingingo iheruka gufatwa na Leta y’uburundi yo kwugara imipaka yose iyihuza n’ico gihugu kibanyi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments