UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC:Ingabo za Afrika y’epfo zaje guhangana na M23 ziraburirwa ko zaje kwisuka mu muriro zitashobora kwikuramwo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe DA(Democratic Alliance) utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Afrika y’epfo uraburira ingabo z’ico gihugu zimaze kurungikwa muri Congo mu butumwa bwa SADC ngo zihangane n’umuhari M23 ko ziriko zisuka mu muriro zitazoshobora kwikuramwo . Uwo mugambwe mw’itangazo uheruka gusohora kuri uyu wa 10 Nzero 2024, umenyesha ko ingabo za Afrika y’epfo arizo SANDF zidafise ubushobozi bwoguhangana n’abarwanyi ba M23 kubera ko ibikoresho vyo kurwana intambara yo hasi n’iyo mu kirere atavyo zifise hagereranijwe ku buhinga n’amayeri bwo kurwana M23 imaze imisi ikoresha.

Mw’iryo tangazo, DA yagize iti:« Ukuri nuko SANDF idafise ubushobozi bwo guhangana n’abarwanyi ba M23 kandi ntifise n’ibikoresho bigezweho vyofasha ingabo zirwanira hasi. Ntizifise kandi kajugujugu za Rooivalk , Ikindi Oryx zitanu ifise muri RDC zizogabanywa zigere kuri zibiri mu gihe c’ubu butumwa»

Uwo mugambwe ukavuga ko wisunze ku busesanguzi bw’abahinga mu vya gisirikare, aho bugaragaza ko mu gihe SANDF ifise iki gihengeri mu bushobozi bwo kwikora mu ntambara yo mu kirere, ikibuga izoba igiye guhanganiramwo na M23 kizoyigora cane.

«ibibazo bikomeye cane ni uko abasirikare ba SANDF bagiye guhangana n’abarwanyi ba M23 barwaniye mu buseruko bwa Congo imyaka myishi kandi banahazi neza. SANDF izogorwa n’abarwanyi ba M23 bazi neza amayeri yo kurwana kinyeshamba» Niko DA ibandanya isigura.

Icipfuzo umugabwe DA watanze nuko ngo mu gihe ubutumwa bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Congo MONUSCO bwoba burangiye, Afrika y’epfo nayo yoca icura ingabo zayo zose ziri mw’ico gihugu.
Tubamenyeshe ko ingabo za mbere za Afrika y’epfo zageze muri Congo igenekerezo rya 15 kigarama 2023, hisunzwe ingingo yafashwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa afrika yo mu bumanuko SADC kugira harwanywe imihari yose yitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa Congo harimwo na M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments