Urwanda ruhejeje gusezeregwa mu gutsindwa na Congo

0

Umugwi nserukira gihugu w’urwanda w’abakinyi basanzwe bakina mu bihugu iwabo uhejeje gutsindwa murukino rwariko rurabahuza n’umugwi nserukira gihugu wa republika iharanira democratia ya congo ku bitsindo 2-1,uyo mugwi ukaba uciye usozeregwa mw’ihiganwa rya Chan,ihiganwa ririko ribera muri ico gihugu nyene c’urwanda
rwanda Congo democratique
Urwanda rukaba rwaje gutsindwa bigoranye cane kuko urukino rwarangiye iyo migwi yose inganya 1-1 ariko baza kubongera iyindi minota 20 niho abakinyi bamenyerezwa na Florent Ibenge baje kuronka igitsindo amarira aca agaragara ku bakinyi b’urwanda
Tworangiza tubamenyesha ko Congo iciye yironkera itike ryo kuja muri kimwe gishira ica nyuma,urwanda narwo rukaba ruciye rusozera ihiganwa rya Chan