Urwanda ngo nta mugambi wo kurungika abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu 2015

0

Urwanda ngo nta mugambi wo kurungika mu Burundi abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu 2015 nk’uko Uburundi buvyipfuza.

Ivyo tubisanga mu makuru yashikiriye ikinyamakuru co muri Kenya, the East African, avuga ko reta ya Kagame ata mugambi ufise wo kurungika abagirizwa na reta y’i Gitega kugira uruhara mu ntureka za 2015 zashikinaye kw’igeragezwa ry’ugutembagazwa ry’ubutegetsi mu mwaka wa 2015.

Reta  y’Uburundi yari yamaze gutanaga amazina y’abantu bagirizwa kugira uruhara mw’ishaka guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015 mu ntumbero yo kunagura imigenderanire mibi hagati y’Urwanda n’Uburundi.

Urwanda ruvuga ko abo bahunze bava mu Burundi bagiyeyo bari nk’impunzi kandi ko bafise amategeko mpuzamakungu abagenga bwa mpunzi.

Umushikiranganji w’Urwanda muri EAC, Manasseh Nshuti yabwiye the East African ko ‘Uburundi bworeka kwitwaza icitwazo nk’ico kuri izo mpunzi zasavye ubuhungiro’ mu Rwanda.

“Uburundi burakwiye kureka kugira icitwazo co gusaba abatu bari impunzi mu kindi gihugu, kuko nabo barafise impunzi zacu ariko ntazo turiko turasaba…”, niko Manasseh Nshuti yavuze.

Urwo rutonde rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi rwatanzwe na reta y’Uburundi mu Rwanda rukaba rutarashirwa ahabona.

None reta y’Uburundi igiye gushikiriza iki kuri iyo nyishu y’Urwanda na rirya ko iyo reta y’i Gitega yaheruka kumenyesha yemanga ko reta y’Urwanda izobarungika abo bagirizwa gushaka gutembaza ubutegetsi.