Mw’ijambo yaraye ashikirije Abarundi, Umukuru w’igihugu Prezida Ndayishimiye yarashikirije ko hari imigambi myinshi iriko irakorwa kugira abantu bose cane cane urwaruka baronke ico bakora baje ku kivi.

Muriyo migambi akaba yamenyesheje ko hari ibanki y’urwaruka yanshinzwe kugira itange ingurane. Akaba yamenyesheje kandi ko hari amafaranga angana imiliaridi 48 y’amarundi yateguwe kugira arangure imigambi y’iterambere ku rwruka.
Ati kugira iyo migambi irangurwe neza hakaba hariko harubakwa ishure rizokwigisha urwo rwaruka kurangura neza imgimba bazoba biyemeje hamwe no kubigisha ibuhinga bijana. Prezida Ndayishimiye akaba yarashimiye abagwizatunga bamaze guha akazi urwaruka.
Ariko benshi bakaba bataramenya neza ico iryo shure rizoba rije gukora narirya urwaruka ruba ruhejeje amashure ruba rukeneye gukora vyihuta rukaronka nudufaranga twokwikenura bakareka kuguma basaba amahera abavyeyi n’incuti mugihe baba bakuze arabagabo imisore n’inkumi.
Benshi bakabona ko abagwizatunga bohabwa inguvu n’uburyo bwinshi kugira bugurure izindi nganda canke amahinguriro narirya aribo bafise ubuhinga bwo guhingura ibidandazwa.





Recent Comments