Prezida Ndayishimiye avuga ko Leta itari guhambisha Pierre Buyoya kandi yaraciriwe urubanza

0

Ivyo yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru n’abenegihugu kur’uyu wa gatatu mu ntara ya Ngozi. Prezida Ndayishimiye akavuga ko Prezida Buyoya Pierre yarafashwe nkumufungwa ko none atamufungwa ahabwa uburenganzira buhabwa abandi.

Prezida Ndayishimiye Evariste akavuga ko yavuganye n’umuryango wa Pierre Buyoya yahoze arongoye Uburundi imyaka 13 ababwira ko bashobora kuza kumufuba m’Uburundi atangorane umurundi wese ko ashobora gufubwa aho avuka.

Abo baryango ba Pierre Buyoya bakaba baciye babona ko Leta y’Uburundi itazomufubisha baca bahitamwo kumufubisha mu gihugu ca Mali. Prezida Ndayishimiye akavuga ko Leta arongoye ijejwe gukingira n’abahuye n’intambara m’Uburundi. Mwomenya ko uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya yahambwe kur’uyu wakabiri mu gihugu ca Mali aho yari amaze imyaka umunani akorera ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Akaba yari yasinye amasezerano y’i Arusha yo guhagarika intambara mu mwaka wa 2000, sentare ntahinyuzwa y’Uburundi nayo ikaba yamuciriye urubanza rwo guherayo n’abandi 15 ibagiriza gutegura igandagurwa rya Prezida Melchior Ndadaye yari yamusubiriye kubutegetsi.