UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Urupfu rw’umukuru w’igihugu ca Namibiya

Umukuru w’igihugu ca Namibiya Dr Hage Gottfried Geingob yitavye Imana uyu musi ku myaka 82 y’amavuko akaba yapfiriye mu bitaro vyo muri Windhoek ku murwa mukuru wa Namibiya aho yaramaze imisi avurirwa indwara ya kanceri.

Abo mubiro vy’umukuru w’I gihugu bagize bati:«turi n’ umubabaro mwinshi wo kubamenyesha urupfu rw’umukunzi wacu Dr Hage G.Geingob umukuru w’igihugu cacu ca Namibiya ku bitaro vya Lady-Pohamba aho yariko aravurirwa indwara ya cancer».

Dr Hage Gottfried Geingob akaba yarayoboye igihugu ca Namibiya kuva mu mwaka wa 2015

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments