UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Amahinguriro yahagaze yose agiye gusubira gukora mu ntara ya Ngozi

Buramatari w’intara ya Ngozi Désiré Minani amenyesha ko amahinguriro atagikora kandi yubatswe mu migambi y’igihugu ko agiye kunagurwa asubire akore mu maguru masha.ivyo yabishikirije ejo ku musi wa gatandatu igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu mwaka wa2023.

Désiré Minani arongoye iyo ntara yatanze uburorero bw’amwe mu mahinguriro atagikora :ihinguriro ryari rigenewe guhingura umuceri riri muri komine Gashikanwa,ihinguriro risya ibigori riri mu Mivo komine Ngozi naryo rikaba ubu ridakora,ihinguriro ryari ritegekanijwe guhingura itomati ryubatswe mu Vyerwa vya Ngozi naryo rikaba ubu ridakora.akaba yamenyesheje kandi ko Ishirahamwe ryitaho ibifungurwa kw,isi “PAM” rigiye gukoresha ihinguriro ryo mu Mivo kugirango basye ibigori maze ifu izofashe cane ababa mu ntara zo muburaruko n’ibindi bice vy’igihugu.

Buramatari akaba yarateye akamo abarwizatunga gushira imitahe yabo muri ayo mahinguriro kugira bateze imbere intara yabo nziza ya Ngozi.

Tubamenyeshe ko uyo arongoye intara ya Ngozi yanavuze umugambi mushasha watangaje abantu benshi wo kugura indege 5 aho bamwe bibaza aho bazokura ubushobozi bwo kugura indege mu gihe n’igihugu ubwaco ata ndenge gifise.tumwipfurije gushika kw’ihangiro yihaye maze igihugu cacu kimenyekane mu makungu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments