UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ligue iteka iriyamiriza uruhigi ruriko rukorerwa abavuga ururimi rw’ikinyarwanda mu Burundi

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka rikorera hanze y’igihugu kubera ryahagaritswe mu Burundi ririyamiriza uruhigi ruriko rukorerwa abavuga ururimi rw’ikinyarwanda mu Burundi kuva aho Leta ifatiye ingingo yo kugara imipaka buhana n’igihugu c’u Rwanda.

Uwurongoye iryo shirahamwe Anchaire Nikoyagize yibutsa Leta ko umuntu wese yaba uwuvuka mu gihugu canke umunyamahanga ategerezwa gukingirwa nkuko ibwirizwa nshingiro ribitegekanya.

kubw’inkuru dukesha radio rpa ijwi ry’abanyagihugu,Anchaire Nikoyagize avuga ati:«kuva aho Leta y’u Burundi ifatiye ingimgo yo kugara imipaka buhana n’igihugu c ‘uRwanda twagumye dukwirikirana ibiriko biraba. twarabonye ko umunyarwanda ari mu Burundi yatotejwe agakubagurwa abandi bagahagarikwa bidakurikije amategeko mbere n’ibikorwa vyabo bijanye n’urudandazwa rwo kwiteza imbere bigahungabanywa.tukabona ko rero Leta y’uburundi iriko ikora agasomborotso ku Rwanda kuko uko Iriko iravyitwaramwo atariko Leta y’u Rwanda iriko irabikora ».

Iryo shirahamwe rirangiza risaba Leta y’u Burundi ko yohagarika ako kabi kabishe igatorera umuti ibibazo Bihari hagati y’ivyo bihugu bibiri biciye mu nzira y’amategegeko ata mwenegihugu canke umunyamahanga arinzwe guhungabanirizwa umutekano wiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments