UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 13, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urupfu rwa Joel Nindorera umunyeshure wo muri Kaminuza y-uburundi , bagenzi we bemeza ko yishwe n-inzara.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho asandabiye  mw-ijoro ryo kuwa 21 Ndamukiza, abagenzi ba Joel Nindorera bari basanzwe bigana muri kaminuza y-uburundi  mu mwaka wa mbere mu gisata c-ivya kahise bemeza ko uwabo yishwe n-ikigoyi bafatiye k-ukuntu yarasigaye abayeho ,ariko baranavuga ko yoba yarasanzwe afise iyindi ngwara ica ihuhurwa n-uko atarafungura bikwiye.May be an image of 1 person, standing and outdoors

Bitumwe n-uguteba kw-agafashanyo  bahabwa bitwa ˮpretbourse‟ hakongerwako amikoro make y-abavyeyi biwe uwo munyeshule yarasigaye abaye m-ubuzima  ngo buteye akoba n-ikigongwe nk-uko bibandanya bivurwa n-abagenziwe bari babana hagufi aho bita mu kanyare hafi ya Karitiye Vugizo iri muri zone ya Rohero, komine Mukaza ngo yarasigaye afungura arukwo aronse uwumwibuka, atabironse ngo yaca aryama ukwo bikacangana n-uburuhe yagize kw-ishule . Bagenzi we ngo bagiye gutaha bugorovye mw-ijoro  basanga nyawayo araryamye kumbe ngo  kwari ukuremba kwa cane nikwo kuja kuraba basanga Joel ntakiri mu zima yamaze kwitaba Imana .

Amakuru  ahaye yemezwa n-abagenzi ba Joel n-uko no kutegura kumushingura ngo bitahaye vyoroha aho ari abo  bahora bigana ,n-abagenzi biwe bariko baraja hamwe kugira ashobore kushingurwa. Bakanegura inyifato y-abarongozi ba Kaminuza  y-uburundi aho ngo ataco bariko barafasha, ariko baremeza ko hari imodokari yo m-ubwoko bwa Coaster yatanzwe n-iyo kaminuza izofasha kwunguruza abazoba baherekeje  uwo munyeshure mu gihe vyateguwe ko azoduganwa ruguru iwabo mu ntara ya Cankuzo kugira bifashe abavyeyi n-abaryango biwe batafise amikoro yo kumanuka hamwe yoshingurwa kure yabo. Abo banyeshure bakabandanya bamenyesha  ko iyo kaminuza yari gufasha biboneka muvya nkenerwa vyosabwa kugira ashinguranwe  iteka.

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments