Uburundi nibwo bwa mbere bukenye kw-isi , biri m-urutonde rw-ibihugu rwakozwe n-ikigega c-isi yose FMI.

0

Nkuko tubisanga murutonde rwakozwe nikigega cisi yose FMI ku bihugu  mirongo ibiri na bitanu bikenye kw-isi, igihugu c-uburundi nico kiza ubwa mbere  aho bafatiye  k-umwimbu w-indani mu gihugu bita PIB ugera ku madorari 264 ,ni  amahera umunyagihugu w-umurundi aronka  k-umwaka. Hama kigaca  kikwiirikirwa n-igihugu ca Sudani y-ubumanuko  aho umwimbu w-umunyagihugu Waco ari amadorari 303.15Burundi is a poor country, however, it has beautiful nature. Description from bestourism.com. I searched for this on bing.… | Burundi, Africa travel, Holiday travel

Tubamenyeshe ko mw-ivyo bihugu mirongo ibiri na bitanu bikenye kw-isi, umugabane wa afrika uza ubwa mbere ufise ibihugu bikenye cane  aha twovuga= Burundi, Sudani yepfo, Malawi,Mozambique, RDC, RCA,Madagascar, Sierra Leone, Niger.

Ico kigo nticibagiye  kandi kushira ahabona igihugu ca Luxembourg  kwarico ca mbere kw-isi kitunze aho gifise umwimbu muniniya cane ugera ku madorari ibihumbi 131.78 k-umwaka umunyagihugu waho aronka.