
Abasilikale bari ku butegetsi mu gihugu ca Tchad bashizeho minisitre wa mbere mushasha. Minisitiri wa mbere wa Tchad ni umu sivile Yitwa Albert Pahimi Padacké. Afise imyaka 54 y’amavuko. Ni umukuru w’umugambwe witwa Rassemblement des nationalistes et démocrates tchadiens-Le Réveil. Yabaye minisitre wa mbere n’ubundi kuva mu kwezi kwa kabiri 2016 kugera mu kwa gatanu 2018.
Albert Pahimi Padacké yari kandida mu matora aherutse, kw’itariki ya 11 y’uku kwezi kwa kane. Yaje ku mwanya wa kabiri n’amajwi 10%, inyuma ya nyakwigendera Idriss Deby wari wayatsinze n’amajwi 79 %.
Idriss Deby amaze iyinga yiciwe ku rugamba n’inyeshamba z’umutwe witwa Front pour l’Alternance et la Concorde au Tchad. Yari yarakuyeho umwanya wa minisitre wa mbere mu 2018. None umuhungu wiwe, Général Mahamat Idriss Déby, w’imyaka 37 y’amavuko, awusubijeho, uwa nyuma yar’uwurimwo ico gihe, Albert Pahimi Padacké.
Mahamat Idriss Deby n’inteko ya gisilikali bafatanije ubutegetsi bavuga ko intwaro y’imfatakibanza izomara umwaka umwe n’igice, ariko ko bashobora kuyongerera igihe nk’iki incuro imwe.





Recent Comments