Urukingo rwa Covid-19 Ntiruvugwako Rumwe

0

Amashirahamwe icenda yigenga mu Burundi yagiye hamwe mu runani yise “Initiative momentanée des organisations de la société civile pour lutter contre la Covid-19”. Ni urunani rufise intumbero yo gufasha reta kurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Ku bw’abarongoye ayo mashirahamwe icenda arimwo Capes+, SPJEPAE, Izere Ntiwihebure n’ayandi, igikorwa cabo kirakomeye mu gushikana mu banyagihugu ingingo zo kurwanya ico kiza kuko bafise abanywanyi hafi mu gihugu cose.

Janvier Bigirimana aserukira urunani, Tournons La page, rugizwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bari hanze y’igihugu mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika yavuze ko kwanka urukingo rwa Corona, bifise ingaruka mbi nyinshi ku magara y’Abarundi.

Ku ruhande rw’ishirahamwe, CEMABU , riharanira inyungu z’abarwayi bizeye ko “reta izobafatira ingingo ibereye kandi itazobaheba”. Sylvain Habanabakizeko abibwira Ijwi ry’Amerika yashimangiye ko afise impungenge kubera kuri we ingingo zo kwirinda Covidi-19 zitagikurikizwa.

Dr Thadde Ndikumana atwara ubushikiranganji bw’amaara y’abantu akaba aheruka gutangaza ko isekeza ryo kwirinda ari ryo rucanco Uburundi bwashize imbere.

Mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, Uburundi na Tanzaniya ni vyo bihugu vyagirizwa gufata minenegwe ikiza c’umugera wa Corona.

kuva uwo mugera wa COVID-19 ugaragaye ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi vyerekana ko abantu barenga 2800 banduye uwo mugera. Muri abo, abarenga 240 baracarwaye harimwo abarenga 50 baremvye barwariye mu bitaro bitandukanye. 6 ni bo batangajwe ko bitavye Imana bazize ikiza c’umugera wa Korona. bamwe n’abandi bakemeza ko ivyo biharuro bitangazwa vyoba atari vyo.