Imyuzurira muri komine MUTIMBUZI.

0
Kubera kwiyongera kw’amazi ya Tanganyika, ama quartier amwamwe yo mugisagara ca Bujumbura yaratewe n’imyuzurira, akarorero ni muri komine Mutimbuzi ahitwa mu kajaga   quartier kinyinya kumutumba wa gatatu aho abafise ubwato baharonkeye akazi ahahora amabarabara hose ubu huzuye amazi, ubu abantu n’ibintu biyunguruza hakoreshejwe ubwato.
Umwe mubunguruz’abantu akoresheje ubwato arigana uko vyifashe: “Kuva umwuzurira uteye twaciye dukura ubwato mu kiyaga tubushira ahahoze amabarabara (Kuko ubu yacitse inzuzi) kugira tuze turunguruza ababa muri Kinyinya kuko bataronka aho baca.”
 Uwundi ati : “Ngaha hari ubwato 12, bunini burashobora gutwara abashika 10, aho naho aba yinjije 5.000 Fbu kubera umwe wese ariha 500 Fbu. Uwiriwe arakora ashobora gutahana hagati ya 30.000 Fbu na 50.000 Fbu”
Habajijwe ikiriko kirakorwa mu kurondera umuti, abajejwe intwaro mu Kinyinya bagira bati : “Ikibazo twe caraturengeye twagituye indongozi zo kurwego rwa komine n’intara. Uko imvura iguye abateshwa izabo n’uwo mwuzurira ni benshi cane, abagiraneza natwe barakwiye kutugarukira.”