Umusore w-umuyabaga w-umurundi yahagaritswe n-igipolisi ca Canada ku vyaha vy-ubwicanyi.

0

Igipolisi co mu gihugu ca Canada mu ntara ya Ontario mu muji wa Toronto  kimenyesha ko cahagaritse umusore w-umurundi w-imyaka 20 yitwa Lee- Davis Rurimirije ku mvo z-amatohoza y-ubwicanyi  butari buke arerwa ko akora.Toronto police roll out new body-worn cameras for officers | CP24.com

Uwo muyabaga Lee-David Rurimirije avurwa  mu madosiye y-ubwicanyi,  ni umuhungu wa Ildephonse Rurimirije, uwo nawe akaba  ari murumuna wa Jean Marie Rurimirije akaba ari umuhanuzi mu biro vy-umukuru w-igihugu c-uburundi ajejwe ibibazo vy-ingendo,  ndetse akaba ari n- umurwizatunga akomeye azwi cane mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD.

Lee David Rurimirije akaba yanavurwa mu madosiye yo kutunga ikirwanisho atabifitiye uruhusha be n-urudandazwa rw-ibiyayuramutwe aho yagiye ahagarikwa kenshi n-igipolisi caho i Toronto muri Canada.