UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uruhigi rw’abavuga ikinyarwanda ruriko ruribonekeza mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abavuga ururimi rw’ikinyarwanda bariko bahirwa buhongo mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco. Muri zone ya Rukaramu , komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura benshi bazi kuri Bujumbura-Rural aho kuri uyu wa kabiri habaye umukwabu n’isakwa mu mazu yo gufata abanyamahanga bahaba na cane cane abanyarwanda.

Isakwa ryabereye muri kirwati ya mbere na kirwati ya kibiri muri zone ya Rukaramu kuri uno wa kabiri ryari rihagarariwe n’uwurongoye igipolisi muri komine Mutimbuzi yitwa Kazungu Prosper. Aha rero abahirwa bari abanyarwanda baba kuri iyo mitumba naho nyene haciye hafatwa n’abakongomani mu ntumbero yo guhuvya amatohoza.

Amakuru yandi adushikira avuga yuko urwo ruhigi ruriko ruraba no mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bishitse mu gihe imigenderanire hagati y’uburundi n’urwanda imaze imisi yasubiye kuba nabi. Ubuheruka, Leta y’uburundi yarafashe ingingo yo kwugara imipaka yose ihana urubibe n’igihugu c’urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments