UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Gélase Ndabirabe ahamagarira abarundi kwinjira igisirikare kuko naho bopfira ku rugamba bazoba bagiye mw’ijuru kubera kwitangira abandi.

Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi Daniel-Gélase Ndabirabe ahamagarira abarundi kwinjira igisirikare kuko kubwiwe naho bopfira ku rugamba bazoba bagiye mw’ijuru kubera kwitangira abandi. Ivyo umukuru w’inama nshingamateka yabitangarije muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza inyuma y’ibikorwa rusangi vyabaye kuwa 13 Nzero 2024.

Daniel-Gélase Ndabirabe imbere y’abanyagihugu benshi hamwe n’abajejwe umutekano bari bitabiriye ivyo bikorwa rusangi yagize ati:«… ku basirikare n’abasirikare biroroshe kuko bobo bakubwira ko babarungitse muri misiyo hanyuma ugiye muri misiyo bakakugirira , harya uba upfuye nk’umugabo. Wewe iherezo ni ryiza kuko wapfuye uriko uraharanira abandi , none sivyo ga yemwe?(…) ni mukumbure muje mu gisirikare kugira mwese muzoce muja mw’ijuru»

Ndabirabe yarongeye agira ati :« …Mugabo niyo wagenda muri misiyo igihugu cakurungitsemwo , ukagenda mu kabare, ugakubitirwa mu kabare ukagaruka uri inyama , aho na satani ntizokwakira ariko upfiriye muri misiyo y’igihugu uriko urwanira igihugu aho [direct] ni mw’ijuru»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments