UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urugo rwose ruri mu gihugu c’uburundi rusabwa kuba rworoye inkwavu n’imiburiburi zitanu kuva kuwa 31 Gitugutu 2023.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu rwandiko rwaraye rushizwe ahabona n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’iterambere rusangi, n’uko urugo rwose ruhamagarirwa kuba rworoye inkwavu n’imiburiburi zitanu guhera kuwa 31 Gitugutu uno mwaka. Martin Ninteretse akaba yahamagariye indongozi zose mu bisata bitandukanye vy’igihugu guhimiriza abanyagihugu no kubatahuza ibijanye n’ubwo bworozi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere rusangi Martin Ninteretse ahamagarira indongozi zose gukwiragira mu banyagihugu kubumvisha no kubahimiriza umugambi w’ubworozi bw’inkwavu. Abicishije mu rwandiko rwo kuwa 26 Nyakanga 2023 aheruka guha izo ndongozi zitandukanye , Martin Ninteretse avuga ko ari mu ntumbero yo gushigikira integuro y’umukuru w’igihugu ijanye n’ubworozi bw’inkwavu .

Kubwa Martin Ninteretse, kuva kubo hejuru , haba ku ndongozi zo ku rwego rwo hejuru , rw’intara, rwo mu ma komine , ku ma zone, no ku mitumba yose, izo ndongozi zihamagarirwa kwumvisha abanyagihugu, kubahimiriza no kubatahuza ko urugo rwose rutegerezwa gutangura ubworozi bw’inkwavu ata numwe avuyemwo.

Uwo mutegetsi amenyesha kandi ko n’inzego z’umutekano na zonyene zerwa n’ico gikorwa uhereye mu gipolisi ku buryo uwo mugambi w’ubworozi bw’inkwavu ushware mu gihugu cose ata gace na kamwe gasigaye inyuma.

Kubw’urwo rwandiko kandi, Urugo rwose ngo rutegerezwa n’imiburiburi kuba rworoye inkwavu zitanu canke zirenga ku babishoboye. Martin Ninteretse avuga kandi mw’urwo rwandiko ko uwo mugambi utegerezwa gushirwa mu ngiro bitarenze igenekerezo rya 31 Gitugutu 2023.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments