UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida wa Gabon Gen.Brice Clotaire Oligui Nguema aritezwe i Bujumbura kuri uyu wa gatanu.

Nkuko tubisanga mw’ikete uwuserukira igihugu ca Gabon mu Burundi Jeanine Nzigamasabo yarungikiye abanyagihugu ba Gabon baba mu Burundi, n’uko umukuru w’igihugu mfatakibanza wa Gabon Gen.de Brigade Brice Clotaire Oligui Nguema aritezwe i Bujumbura kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Gitugutu 2023.

Mw’iryo kete, Jeanine Nzigamasabo agahamagarira abanye Gabon bose baba mu Burundi gusidukana n’iyonka bakaza gutegera umukuru w’igihugu cabo.

Tubamenyeshe ko kuva uwo arongoye ivy’imfatakibanza igihugu ca Gabon ahiritse ku nguvu ubutegetsi bwa Perezida Ali Bongo, ariko akora ingendo zitandukanye mu bihugu vyo muri Afrika y’ubumanuko, ico gihugu gisanzwe kirimwo. Mu bihugu vyo mu biyaga binini, akaba amaze kugendera igihugu kibanyi ca Congo hamwe n’urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments