UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CODEBU, Keffa NIBIZI yinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba.

Umukuru w’umugambwe CODEBU iragi rya Ndadaye yinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba kuri uyu wa kabiri. Ni inyuma yaho yari yitavye umutahe w’umushikirizamanza mukuru wa Republika. Amasoko ava muri parake nkuru y’igihugu, yemeza ko NIBIZI yagirijwe icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Abanywanyi b’umugambwe CODEBU iragi rya Ndadaye Keffa NIBIZI yararongoye, bobo babona ko indongozi yabo yoba izize n’ubutumwa bw’urukwirikirane bwanditswe ku rubuga rwa x rwahoze rwitwa Twitter rw’uwo mugambwe hari kuwa 13 Gitugutu 2023 aho abarundi bibuka imyaka 62 irangiye uwarwaniye ukwikukira kw’abarundi , umuganwa Rudoviko RWAGASORE agandaguwe.

Bumwe mw’ubwo butumwa bwanditswe tusanga ku rubuga rwa x rwa CODEBU bugira buti :«Umugambwe CODEBU uhamagariye abarundi bose gutsinda ubwoba n’umwiheburo, baze bafatanye nawo kwubaka uburundi bushasha burangwa n’umwidegemvyo, iterambere muvy’ubutunzi n’imibano no kurwanya ubushomeri , twarazwe n’incungu ya démocratie, NDADAYE Melchior»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments