Urugendo Rw’Abashingamateka Ba EALA Rwoba Ruzoryohora Imigenderanire Hagati y’Uburundi n’Urwanda?

0

Muri iyi ndwi abashingamateka b’Inama Nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko( East African Legislative Assembly, EALA) bakoze urugendo mu Burundi mu rugendo rwo kuraba uko ibikorwa vya EAC biriko bigenda. Haritezwe ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ishobora kuba myiza cane kubera urwo rugendo rwo kwishikira kuraba ibintu uko bimeze.

Ndangiza Fatuma, Barimuyabo Jean Claude, Kalinda François Xavier and Rutazana Francine babaye abategetsi b’Urwanda batembereye mu Burundi ubwa mbere inyuma y’aho hadukiye intureka za Politike mu Burundi mu mwaka wa 2015, igihe haba imyiyerekano yo kurwanya ikindi kiringo ca Pierre Nkurunziza.

Nk’uko ikinyamakuru The East African Kibishira ahabona, abo bategetsi b’Urwanda n’abandi bashingamateka ba EALA bakaba barakiriwe neza I Bujumbura ku murwa mukuru wUburundi, aho bagendeye ubushikiranganji bwa EAC aho bakiriwe neza n’Umufasha, Clarette Inamahoro, muri ubwo bushikiranganji bujanye n’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’Ubuseruko.

Ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bikaba bimaze igihe bidacana uwaka, inyuma y’aho Uburundi bwagirije Urwanda kumenyereza inyeshamba ziza gutera Uburundi mu gukuraho Pierre Nkurunziza ku butegetsi, ivyo navyo Leta y’Urwanda ikaba itigera ivyemera.

Urwanda kandi rwagiriza Uburundi ko rubitse abarwanyi b’Interahamwe za FDLR, abgirizwa kugira uruhara mw’ihonyabwoko ry’abatutsi mu 1994 mu Rwanda.

Uburundi kandi bukaba bwarahagaritse ugushora ivyamwa mu gihugu c’urwanda mu mwaka wa 2016, ingingo igira ingaruka mbi ku bikorwa vy’isoko rusangi ya EAC, ariko kandi ikaba yaragize ingaruka zinaka ku Rwanda.