Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeUbutunziUruganda Eagle Mineral Water rwa Reverien Ndikuriyo nirwo rwonyene rwemerewe guhabwa amasoko...

Uruganda Eagle Mineral Water rwa Reverien Ndikuriyo nirwo rwonyene rwemerewe guhabwa amasoko mu Burundi.

Abarwizatunga bakorera mu gisata co guhingura no kudandaza amazi baridoga ko uruganda Eagle Mineral Water rurongowe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Reveriyano Ndikuriyo ko rwabatwaye abakiriya , bagashobora kwugara inganda zabo canke kugabanya abakozi bitumwe n’iyo mvo. Bamwe mu barwizatunga n’abadandaza ariko bativuze amazina yabo bavuganye n’ikinyamakuru Sos Medias Burundi, bemeza ko itegeko ryatanzwe na Reveriyano Ndikuriyo ko abarangura amazi yo kudandaza bategerezwa kurangura mw’urwo ruganda rwiwe. Abandi bakavuga ko batewe ubwoba na bamwe mu bakozi b’iperereza babasaba guhitamwo hagati y’urupfu canke kudandaza ayo mazi yo muri Eagle Mineral water.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Umwe mu bagizwatunga akorera mw’ico gisata co gukora no guhingura amazi atashimye kwivuga izina ryiwe ku mvo z’umutekano wiwe , arashinga intahe ukwo yategetswe n’abarongoye Eagle Mineral water kudasubira guhingura amazi menshi mu ntumbero yo kurekera isoko iryo shirahamwe rirongowe na Reveriyano Ndikuriyo:
“Itegeko ryatanzwe na Reveriyano Ndikuriyo ko abarangurira amazi yo kudandaza bategerezwa kurangurira mu ruganda Eagle Mineral Water I Makamba. Intumwa irungitswe na Reveriyano Ndikuriyo yaransanze mu biro impa ubutumwa butomoye ko ntegerezwa kugabanya ivyo nkora ku rugero rwa 40% kugira ngo Eagle Mineral Water isohore ibiri mu bubiko bwayo.Sijewe gusa naronse iryo tegeko, n’abandi bafise inganda zikora amazi baratewe ubwoba”

Sos Medias Burundi iravuga kandi ko no ku badandaza bakuru bakuru nabone ari uko vyifashe. Umwe muri bo ativuze nawene izina ryiwe ariganira Sos Medias Burundi kuvyamushikiye:
“Ndafise amasoko ntangamwo amazi yo kunywa mu mashirahamwe menshi yo mu Burundi . Uwujejwe ubudandaji muri Egle Mineral water yampaye itegheko ryo gutanga amazi akorewe muri urwo ruganda kugira ngo nizere kugumana amasoko .Narihanganye ariko imwe mu ntwazangabo ikorera mw’iperereza yaranyakuye impitishamwo hagati yo gutanga ayo mazi n’ugupfa. Naciye nkurikiza vyihuse ivyo bambwiye”

Abo basanzwe bakorera mw’ico gisata co guhingura no kudandaza amazi yo kunywa bavuganye na UBM News bemeza nka bose ko mu misi iri mbere bashobora kwugara inganda zabo, Abihagazeko nabo bagahitamwo kwirukana umurwi umwe w’abakozi kugutinya kubandanya gukorera mu ruhombo.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments