Saturday, December 3, 2022
HomeInternational newsRDC:Uhuru Kenyatta yemeza ko hariho abantu bo hanze bariko bashaka gucanishamwo abanyekongo.

RDC:Uhuru Kenyatta yemeza ko hariho abantu bo hanze bariko bashaka gucanishamwo abanyekongo.

Perezida Uhuru Kenyatta,yahoze arongoye igihugu ca Kenya akaba ari iki gihe umuhuza yagenywe na EAC kugira ahuze abanyekongo mu gutorera umuti ingorane z’umutekano barimwo mu buseruko bwa Congo ahamagarira abanyekongo bose kwunga ubumwe no gukunda igihugu. Uhuru Kenyatta akabivuga inyuma yo kwemeza ko hariho abantu atashoboye kuvuga izina baje bava ahandi kugira bacanishemwo abanyekongo atari ukwo babakunda ahubwo ari ukubera inyungu zabo bipfuza gushikako. Ivyo uwo yahoze arongoye igihugu ca Kenya akaba yaraye abitangaje kuri uyu w’Imana mu rugendo yakoreye I Kinshansa aje kubonana na Perezida wa Congo Felix Tshisekedi n’abandi bategetsi bafise ico boterera kugira Ubuseruko bwa Congo buronke amahoro arama.

Uhuru Kenyatta ahamagarira abakongomani bose mu butandukane bwabo bwose kwunga ubumwe kugira umwansi ntabace muryahumye:
“Bavukanyi na bashikanje b’abakongomani , Nagire ndababwire ibi: Hariho abaje bava ahandi kugira babacanishemwo Ariko ntabwo babacanishamwo kubera ko babakunda , babacanishamwo kubera inyungu zabo bashaka gushikako mu gihugu canyu. Ni uruhara rw’umukongomani mwese” Kubwa Kenyatta, Abakongomani bose bategerezwa gukora ukwo bitari bimeze bakagira umutima wo gukunda igihugu, bakabana bakanakorera hamwe.

Umuhuza Uhuru Kenyatta ahanura kandi imihari yose yitwaje ibnbirwanisho kubishira hasi kuko ata terambere n’ubutunzi bizozanira igihugu atari inzirakarengane ziguma zihasiga ubuzima:
“Murazi ko ibirwanisho ata kindi bikora Atari ukwaka ubuzima abantu. Ntibizokwigera bibazanira iterambere n’ubutunzi” “Turi ngaha kugira tuvugane na Leta hamwe n’abanyekongo kugira turabe ingene twogarukana amahoro mu gihugu hamwe no kuzana ugushigikirana hagati y’imice itandukanye n’ubwoko biri mw’iki gihugu” Niko Uhuru asigura.

Nkuko tubikesha iradiyo Okapi yo mu gihugu ca Congo, Perezida Uhuru Kenyatta akaba kuri uyu w’Imana yabonanye na Perezida wa Congon, Felix Tshisekedi hamwe n’umupfasoni Bintou Keita arongoye ishirahamwe MONUSCO kugira bose barabire hamwe ku cokorwa kugira amahoro agaruke mu buseruko bwa Congo. Uwo yigeze kuyobora Kenya bikaba kandi vyari bitegekanijwe ko ejo nyene abonana n’abarongoye inama nshingamateka na Nkenguzamateka hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo muri Congo.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...