Thursday, December 1, 2022
HomeNewsAngeline Ndayishimiye aravurwa kuba yagize uruhara mw’ibuzwa ry’igenwa ry’uwurongora Mutuelle.

Angeline Ndayishimiye aravurwa kuba yagize uruhara mw’ibuzwa ry’igenwa ry’uwurongora Mutuelle.

Ishirahamwe rya Leta rijejwe kuvuza abakozi “Mutuelle de la function publique” mu rurimi rw’igifaransa rimaze amezi atandatu ritagira umuyobozi mukuru . Imvo ryavyo zigaragaza ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yagizemwo uruhara rukomeye mu kubuza Evelyne Butoyi yahora ari umuvugizi wa Perezida Ndayishimiye kugira abe ariwe arongora Mutuelle .Bikavurwa mbere ko Angeline Ndayishimiye yaciye atabura urupapuro ruriko ingingo igena mu mabanga Evelyne Butoyi mu buyobozi bukuru bwa Mutuelle.

Kuva mu kwezi kwa Rusama mw’uy’umwaka, Uwahoze ari umuyobozi mukuru wa Mutuelle , Annonciatte Sendazirasa yaratanze imihoho arava muri ayo mabanga. Kuva ico gihe, uwari umuyobozi muvy’ubuhinga muri ico gisata niwe arongoye ivy’imfata kibanza ubuyobozi bukuru bwa Mutuelle. Inyuma y’amezi atandatu, Abatari bake ntibatahura ingene ishirahamwe ry’igihugu nka Mutuelle ryomara igihe kingana gutyo gitwarwa ivy’imfata kibanza.

Amakuru dukesha iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA ndetse akanemezwa na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD bo hejuru, yemeza ko umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yari yagenye uwahoze ari umuvugizi wiwe Evelyne Butoyi kuba umuyobozi mukuru wa Mutuelle ariko iyo ngingo ntiyaja mu ngiro. Ayo makuru amenyesha kandi ko Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye asanzwe akorera mu biro vy’umukuru w’igihugu ariwe yarahiye ararengwa ko Evelyne Butoyi agenwa gutwara Mutuelle mbere ngo yagiriyeko atabura urupapuro ruriko ingingo igena uwo yahora ari umuvugizi wa perezida Ndayishimiye. Ivyo bikaba ngo vyabaye mu kwezi kwa Mukakaro uy’umwaka.

Must Read