Urucuruzwa Rw’Abantu Rushobora Kugwira Mu 2018.

0

Urudandazwa rw’abantu( Traffic des êtres humains) rushobora kuba ndanse mu Burundi muri uyu mwaka wa 2018 hatagize igikorwa vyihuta nk’uko Prime Mbarubukeye arongoye Ishirahamwe rijejwe kugwanya ubukozi bw’ikibi ONLCT yabimenyesheje ejo ku musi wa kabiri.

Mu kiganiro n’abanyamakuru, Prime Mbarubukeye yamenyesheje ko kuva mu mwaka wa 2015 gushika uyu musi, urudandazwa rw’abantu rubandanya rushinga imizi, rugahitana abana b’abakobwa bari hagati y’imyaka 15 na 35..

Yabandanije amenyesha ko mu myaka itatu iheze, urudandazwa rw’abantu rwashitse ku gitigiri c’abantu 3014 badandajwe mu buryo butemewe n’amategeko. “Muri uyu mwaka wa 2018, turafise ubwoba ko hazoba iyongerekana ry’ibice 20% ry’Abarundi bazogurishwa mu buryo butemewe n’amategeko hatagize igikorwa mu maguru masha mu gukinga ako kabi”, niko Mbarubukeye yamenyesheje.

Yamenyesheje ko abana b’abakobwa bagurishwa bajanwa mu “bihugu vy’abarabu nka Oman, Arabie Saoudite na Quatar”.Abo bana b’abakobwa bakiri bato bagwa mu mutego wo kwemererwa umushahara wamafaranga amadolari 500( nk’amarudi hafi umulioni n’inusu).

Mbarubukeye yamenyesheje ko hakwiye kujaho “ingingo ruhasha “zo kugwanya ico kiza amazi atararenga inkombe. Nk’uko ONU ivyerekana, urudandazwa rwabantu rwinjiza amafaranga menshi cane ashika ku miliyaridi 32 z’amadolari kumwaka mw’isi yose.