UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urubanza rwa CNL ruracari mu butungane-Tatien Sibomana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike akaba yaranonosoye ibijanye n’amategeko Tatien Sibomana avuga ko bureau y’inama nshingamateka yahonyanze amategeko mu kwemeza ikurwa rya Rwasa Agathon kuburongozi bw’umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba CNL kandi urubanza rukiri mu butungane.Ibi yabishikirije kuri radio isanganiro inyuma y’igenwa rya Leopold Hakizimana nk’umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba CNL mu gihe bahora barongowe na Rwasa Agathon.


Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe aherutse kwemeza itorwa ry’umushingamateka Leopold Hakizimana nk’uwurongoye umurwi w’abashingamateka baturuka mu mumugambwe CNL mugihe bahora barongowe na Rwasa Agathon.n’inyuma y’inama yabaye kuwa 4 ruheshi igizwe n’abashingamateka 13 gusa bayoboka Nestor Girukwishaka nk’umukuru w’umugambwe CNL.bakaba baciye bagena Leopold Hakizimana kuba umukuru w’umurwi w’abashingamateka baturuka mu mugambwe CNL hama biremezwa n’umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe.
Umunyepolitike akaba n’umuginga mu bijanye n’amategeko avuga ko bureau y’inama nshingamateka yahonyanze amategeko mu kwemeza umushingamateka Leopold Hakizimana nk’umukuru w’umurwi w’abashingamateka baturuka mumugambwe Cnl akaba yasubiriye Agathon Rwasa.iryo kurwa rya Agathon Rwasa Tatien Sibomana avuga ko ritisunze amategeko urubanza rwa CNL rukiri mu butungane rero ko bureau y’inama nshingamateka yari kurindira urubanza rugacika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments