UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bwugarijwe na Kigoyi mu mihingo itandukanye y’igihugu-OCHA

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishami rya ONU rijejwe kwegeranya inshashanyo OCHA riragabisha ko mu Burundi hari ikiza c’inzara idasanzwe guhera muri ruheshi 2024 ikaba izoshika mu kwezi kwa nzero 2025.ikindi nuko guhera mu kwezi kw’icenda 2024 abantu ibihumbi 700 bagizwe n’abateshejwe izabo kubera imyuzure hamwe n’abo mu miryango ikenye bazoba bugarijwe bikomeye na kigoyi mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ibi tukaba tubikesha ikimenyeshamakuru Fews net co Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 mukakaro 2024.


Biciye mu kimenyeshamakuru Fews Net co kuwa gatatu igenekerezo rya 3 mukakaro 2024,Mu cegeranyo c’ishami rya ONU rijejwe kwegeranya infashanyo OCHA rimenyesha ko mu kiyaya c’imbo no mumisozi gihanamiye muburaruko hazoba hugarijwe na Kigoyi gikomeye kuva mu kwezi kwa ruheshi guheze 2024 gushika mu kwezi kw’icenda 2024.imyuzurira hamwe n’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika bikaba vyatumye muburengero umwimbu hamwe n’amikoro bigabanuka kurugero rudasanzwe.
Ayo mazi yarabangamiye cane ikiyaya c’imbo aho amahectare ibihumbi 40 y’ibiterwa bitwarwa n’imirimo yindi yahora isahiriza ibi bikaba vyatumye abantu ibihumbi 300 bata izabo 80%y’ivyononekaye bikaba arivyo mukiyaya c’imbo nkuko bibandanya bishikirizwa na OCHA.ikidi nuko igabanuka ry’uruja n’uruza ku mipaka vyatumye amikoro aba make mu banyagihugu hamwe n’ubushobozi bwo kwikenura cane cane iyugarwa ry’imbibe uburundi buhana n’urwanda vyatumye ubutunzi bw’abanyagihugu bwo muburaruko bw’igihugu busubira inyuma nayo amikoro aragabanuko bica bituma mbere inzara yiyongera mu ntara z’uburaruko.

Mukwezi kw’icumi gushika mu kwezi kwa mbere 2025,ikigoyi kizokwiyongera cane mu buraruko muburengero eka no mubuseruko.muri ico kiringo nyene hazokwibonekeza iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa hamwe n’ikena ry’imvura.
OCHA ibandanya ishikiriza ko abantu700 bagizwe n’abateshejwe izabo kubera imyuzure hamwe n’abo mu miryango ikenye bazoba bugarijwe bikomeye na kigoyi mu kwezi kwa 11uyu mwaka.

OCHA ibandanya ibandanya ivuga kandi ko ifaranga ry’amarundi riguma rita agaciro uko bukeye uko bwije hamwe n’ikena ry’amafranga y’agaciro bituma abadandaza badashobora kurangura ibifungurwa n’ibidandazwa vyankenerwa mu mahanga gutyo ivyo hagaca hibonekeza ikena ry’ivyo bidandazwa iyo ibibonetse naho bigaca bizimba cane aho OCHA itanga akarorero k’ikena ry’igitoro ryatumye habaho iduga ridasanzwe ku biribwa hamwe n’ibiciro vyo kwiyunguruza vyaduze umurengera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments