UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bwarakorewe irementanya mu gucafuza umurwi CNIDH-Imelde Sabushimike

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wo gufatana munda Imelde Sabushimike amenyesha ko uburundi bwakorewe iremenyanya kugira umurwi w’agateka kazinamuntu CNIDH ukurwe mu kibanza wahoramwo(statut A)ariko umurwi CNIDH waramaze gushinga urubanza kugira ushobore kurenganurwa.Ibi yabishikieije kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 28 ruheshi 2024 mu ntara ya Makamba.


Igenekerezo rya 28 ruheshi 2024,abashikiranganji ba Leta y’uburundi baratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu aho bashoboye kwishura ku bibazo bimwe bimwe biraba igihugu.

Mu gihe yishura kubibazo vy’abamenyeshamakuru umushikiranganji wo gufatana mu nda Imelde Sabushimike yarabajijwe ikibazo cerekeye agateka kazina muntu mu Burundi cerekeye ahanini umurwi w’agateka kazina muntu CNIDH uheruka gukurwa mu kibanza wahoramwo bita statut A ibiheza bigatuma umurwi CNIDH utakaza ijambo mu manama mpuzamakungu y’agateka kazina muntu.

Umushikiranganji Imelde Sabushimike yavuze ko uburundi bwakorewe irementanya kugira bacafuze umurwi CNIDH warituye inzego zibijejwe kugira ushobore gutunganirizwa.yagize ati:«Umurwi CNIDH ukora neza cane kandi mu bwigenge nta ngere.n’umurwi w’akarorero muri Afrika mbere umaze gutumwako mu bihugu bitandukanye nko muri Cameroun,Gabon ,Centrafrika kugira uje gukarihiriza ubwenge imirwi yo muri ivyo bihugu,vyumvikana rero ko CNIDH ari umurwi wigenga koko.kubona CNIDH yarakuwe kuri statut A habayeho irementanya ryama rikorerwa uburundi ariko umurwi CNIDH waramaze gushinga urubanza kugira ushobore gutunganirizwa.

Urwego mpuzamakungu ruraba ivyo agateka kazina muntu ruheruka gusubiza umurwi CNIDH mu ikibanza bita statut B ni mu gihe wahora mu kibanza c’iteka wahoramwo bita statut A ibiheza bigatuma umurwi CNIDH utakaza icizere mu makungu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments