Mu gihe kuri internet cane cane ku mbuga ngurukana bumenyi nka za Facebook na Whatsapp hagize imisi hakwiragira amazina y’abiyita abategetsi mu gihugu, umugambwe CNDD-FDD wagabishije ko abakora ivyo mu kwiba abantu ‘bazohanwa n’amategeko umusi bazofatwa’.
Umugambwe CNDD-FDD ukaba wamenyesheje biciye ku muvugizi w’uwo mugambwe, Nancy Ninette Mutoni, ko ‘ugabishije abo bantu bose bakora imbuga ngurukanabumenyi bakoresheje amazina manaka y’abantu b’abategetsi kuri Facebook kugira wibishe urwenge abanyagihugu bitekaniye, nko mu gukoresha izina ry’umunyamabanga wa CNDD-FDD kuri Facebook ‘evariste Ndayishimiye”.
Kuri facebook hariko amazina nka ya Denise Nkurunziza(umutambukanyi w’umukuru w’igihugu), aya Pascal Nyabenda, Janviere Ndirahisha n’ayandi mazina y’abategetsi banaka muri leta y’Uburundi.

Mu ngabisho yashizwe ahabona na CNDD-FDD, n’uko ‘abo bategesti bitirirwa iyo mihora n’abandi bantu kubera ko abategetsi bamwe bamwe batigera bakoresha izo mbuga ngurukana bumenyi nka za Facebook mu kuyaga n’abantu ku giti cabo’.
Urgaba rero kuri abo bantu bihisha kuri ayo mazina y’abategetsi maze bakagusaba ngo ubanze utange ibintu binaka mu kukwemerere akazi nabo nyene batanafise.





Recent Comments