UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

UPRONA isaba igihugu c-ububirigi kwemera uruhara cagize mw-igandagurwa rya RWAGASORE.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe w-abadasigana UPRONA (ishami ryegereye ubutegetsi) ugiye gushengeza imbere y-ubutungane abateguye umugambi wo kugandagura incungu yo kwikukira y-uburundi Umuganwa atari umugani RUDOVIKO RWAGASORE. Vyashikirijwe na Olivier NKURUNZIZA , umukuru w-uwo mugambwe hari mw-itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri mu gihe uburundi buca bwibuka imyaka 60 iheze iyo ncungu igandaguwe.Image

Mw-iryo tangazo, Olivier NKURUNZIZA asaba igihugu c-ububirigi kwemera uruhara cagize mw-igandagurwa ry-uwo muganwa nkuko cabigize mu gihugu kibanyi ca Congo mu kwemanga uruhara mw-iyicwa ry-umushikiranganji wa mbere w-ico gihugu ariwe Patrice LUMUMBA.

Uwo arongoye uwo mugambwe iki gihe asaba Leta y-uburundi gukora ibishoboka vyose kugira uruhara rw-uwo wese mubakoze ubwo bwicanyi maze bahanwe hisunzwe amategeko.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments