UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Muramvya: Abasirikare babiri harimwo intwazangabo barishwe mu gitero c-abitwaje ibirwanisho.

UBM News ads

Umusirikare w-ipete rya ˮLieutenant-Colonel ‟ yitwa Nkurunziza  Jean-Marie hamwe n-uwundi umwe yarasanzwe amugendanira  w-ipete rya ˮCaporal‟ yitwa Ndayitwayeko  Fidèle  barishwe barasiwe  mw-itana mu mitwe ry-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana hamwe n-igisirikare c-uburundi Co muri birigade  y-110 ijejwe gutabara  (110ème brigade  chargé de renfort)May be an image of 4 people

Ukwo gutana mu mitwe kwabereye aho bita i Busangana ni muri komine Bukeye , mu ntara ya Muramvya, hari ku musi w-Imana.

Lieutenant-Colonel Nkurunziza jean-Marie yarasanzwe arongoye gushika ubu birigade y-110 ijejwe kuja gutabara ikaba iri muri komine Bugarama mu ntara ya Muramvya. Iyo ntwaza ngabo ikaba yarashikiwe n-amasase yarashwe mu nyuma baca bayinyarukana mu bitaro vy-i Giko biri muri komine Bukeye ari naho yahavuye acikanira. Uwarasanzwe amugendanira wewe ntiyagize amahirwe  kuko yaciye apfa ubwo nyene igihe baraswa n-uwo murwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana.

Ayandi makuru ataremezwa avuga ko hoba hari abahasize ubuzima benshi mw-ico gitero bagizwe n-abari mu nzego z-umutekano hamwe n-uwo murwi w-abitwaje ibirwanisho. Igisirikare c-uburundi ntaco kirashima kuvuga kw-ivyo vyabaye  kandi gushika iy-isaha nta muntu numwe ariyitirira ico gitero cabaye.

Tubamenyeshe ko aho habereye iyo mirwano hasanzwe hahana urubibe n-ishamba cimeza rya Kibira, iryo naryo rikaba ryama ryavuzwemwo n-abahegereye ko hibonekeza imirwi y-abitwaje ibirwanisho itazwi.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments