UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umwimbu w’ibigori uriko uragurwa na leta ushobora kwononekara kumvo yo kubura ibikoresho.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mugihe vyavugwa ko umwimbu w’ibigori uriko uragurwa mu ntara ya Ngozi ushobora kwononekara kubera ubukene bw’imifuko yagenewe kubika umwimbu, mu bushikiranganji
bw’uburimyi n’ubworozi bavuga ko Imifuko yo gushingura uwo mwimbu w’ibigori hamwe n’utwuma two gupima ivyo bigori ko vyumye ngo biriko birakwiragizwa mu gihugu cose.
Umushikiranganji ajejwe uburimyi yabishikirije, kuri uyu wa kabiri, mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2020 ushira uwa 2021(année budgétaire).
Déo Guide Rurema yavuze ko intara ya Karusi iza kw’isonga mu zarose umwimbu mwinshi mu gihe intara ya Rumonge ifata ikibanza canyuma.
Amakuru ava i Ngozi avuga uwumaze kugurwa muri iyo ntara urenga amatoni 280. Bawurunda mu mahangari aho amwe amwe yamaze kwuzura.
Émile Kubwimana arongoye ibiro vy’intara bijejwe ibidukikije uburimyi n’ubworozi ahanura abawegeranya kuba barabisanza kugira hacemwo akayaga mu kurindira ko baronswa iyo mifuko.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments