Umwihwezo ku Bijanye No Gushira Inguvu Hamwe Mu Bijanye No Gutahukana Impunzi: Nyakanga 2017- Kigarama 2017.

0

Uko ivya politike no mu kibano vyifashe kuva mu mwaka wa 2015 mu Burundi bibandanya bigira ingaruka zinaka ku bantu babangamiwe kuruta, maze bigaca bituma habandanya hakenerwa imfashanyo ku bari mu nkenero, hamwe n’iyongerekana ry’abimukira mu gihugu hagati n’abagisohoka baja mu bihugu bibanyi.

Mu mwihwezo wakozwe na Relief Web, gushika kuri iyi saha, impunzi z’Abarundi zirenga 400 000 zarahungiye mu bihugu bibanyi kuva muri Ndamukiza 2015. Igihugu ca Tanzaniya kikaba cakiriye abarenga ica kabiri c’izo mpunzi, mu gihe abandi bari mu bihugu nka Rwanda, Republika iharanira Demokrasi ya Kongo n’Ubuganda. Bivanye n’ingingo ya Tanzaniya yafashe yo guhagarika kwakira impunzi mu kivunga kuva muri Nzero 2017, igitigiri c’impunzi zija muri Tanzaniya caragabanutse cane.

Leta y’uburundi ikaba ibandanya iremesha ko impunzi zose z’Abarundi zotahuka. Ku wa 31 Myandagaro 2017, I Dar Es Salaam muri Tanzinayia, Inama y’inyabutatu yarakoranye ihuza Igihugu ca Tanzaniya, Uburundi hamwe na HCR( Ishirahamwe ryitaho ibijanye n’impunzi muri ONU), maze muri iyo nama hakaba harabaye ukwemerera gukorera hamwe mu bijanye no gufasha abahunguka ku bushake barenga 12 000 bari biyandikishije ko bashaka gutaha ku bushake bwabo.

Mu gice ca mbere catanguye ku wa7 Nyakanga 2017 gushika ku wa 31 Gitugutu 2017, impunzi zishika ku 6888 zarafashijwe mu bijanye no guhunguka ku bushake bwabo. Mu gice ca kabiri, kuva kuwa 1 Munyonyo gushika Kigarama 2017, hari abandi Barundi bahunze bashika ku 6 032 bitezwe kwakirwa mu Burundi bahungutse. Mu mwaka wa 2018, amashirahmwe ajanye n’ivy’impunzi amenyesha ko hitezwe n’imiburiburi Abarundi bahunguka bashika ku 60 000, benshi muri bo bakaba bitezwe kuva mu gihugu ca Tanzaniya, n’abandi bake muri bo bitezwe kuva mu bindi bihugu.

Nk’uko Relief Web ibishira ahabona,n’ivyo kwitonderwa kandi bikamenywa ko naho Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryemera ko hari bimwe mu vyaryohowe mu Burundi mu mezi aheze, Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR ritarabona neza ko haragera guhimiriza impunzi ngo zihunguke kubera hacitezwe cane ibiva mu biganiro vya politike bihuza Abarundi bisa n’ivyahagaze. Muri ubwo buryo nyene, HCR iriteguye gufasha impunzi z’Abarundi zihisemwo guhunguka ku bushake, mu gihe iyo ngingo ifashwe ata gahato karimwo kandi habaye ukwihitiramwo.

HCR, Leta y’uburundi hamwe n’amashirahamwe yandi birasabwa gukorera hamwe kugira Abarundi bahitamwo gutahuka mu gihugu c’amavukiro bakirwe mu buryo bwiza kandi bworohereza bose, harimwo n’abamaze gutahuka n’abandi bazofata ingingo yo guhunguka ku bushake mu nyuma kugira hiyemezwe ko abo bahungutse bafatwa kumwe nk’abasangwa.