Abubabakanye Batubakanye Mu Buryo Bwemewe N’amategeko Bafise Ikiringo Co Kwandikisha Umubano Wabo Imbere Y’Uko Uwu Mwaka wa 2017 Uhera.

0

Bivuye kw’itegeko ryasohowe, abantu batubakanye mu buryo bwemewe n’amategeko bategerezwa kuba barandikishije imibano yabo imbere y’uko uyu mwaka wa 2017 uhera, ni ukuvuga ko bafise ikiringo nk’ic’amezi abiri. Ukwo kwandikisha umubano kukaba gutegekanywa gukorwa muri Leta no mw’isengero kanaka umuntu aba asengamwo.

Martin Nivyabandi, umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu, akaba yamenyesheje ko inyuma ya Kigarama 2017, abazoba batarandikisha umubano wabo bazohanwa n’amategetko kubera ko bazofatwa nk’abagambarariye itehgeko rya Leta.

Mu kwezi kwa Rusama 2017, umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yarasinye itegeko rishasha iryo leta ivuga ko rizohora rigenga imibano mu gukingira abakenyezi hama hakabaho ikibano kibaho mu buryo bujanye n’amategeko, ariko bamwe bakaba batemeranya n’iyo ngingo, kubera ko iza isaba ko umurundi wese aho ari ategerezwa kwubakana n’umukenyezi umwe.

Abatemeranya n’iryo tegeko rishasha aho twovuga n’aba Islamu bamwe bamwe bobo bavuga ko bafise uburengazira bwo kwubakana n’igitigiri c’abakenyezi bashatse ;tutibagiye ko hari n’abandi bakenyezi iyo ngingo yoca ifatira amaboko i mugongo kubera ko bamwe wosanga batanywe abana maze bakabirerana.

Leta y’uburundi ikaba ishimika ko haba iceti c’umubano wemewe n’amategeko kivuye muri leta maze bikaza bikingira abakenyezi n’abana, na cane cane igihe hageze ivyo kugabura ibisigi. Naho biri uko, bamwe babona ko iryo tegeko riza rihonyanga agateka ka bamwe mu bijanye n’ivyo bizera muvyo gisenga, mu mico kama n’imigirwa.