Umwe mubasanzwe barangurira igitoro hanze y-uburundi amenyesha ko abarundi boba barategura ukwo bazokwiyakira kuko umwanya n-umwanya igiciro c-igitoro gishobora kwongera kuduzwa bitumwe n-uko kw-isoko mpuzamakungu akagunguru kamwe k-igitoro bita «baril» kazimvye cane aho kaduze kakarenga ku madorare ijana y-abanyamerika. Bisigurako ubukene bwongeye kwibonekeza bw-ico gitoro ku ma sitasiyo atandukanye yo mu gihugu afitaniye isano n-iryo duzwa ry-ibiciro ryoba ryimirije gukorwa na Leta.
Naho umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ugutunganya urudandazwa rw-igitoro, yaba umuvugizi w-ubwo bushikiranganji eka ndetse n-umuyobozi mukuru ajejwe igitoro bose bibereye mu gacerere ku bijanye n-ibura ry-igitoro ririko ryibonekeza mu gihugu, Amakuru yo kwizera aturuka mwa bamwe mu badandaza barangurira igitoro hanze y-uburundi atumenyesha ko ico gitoro kiriko kibura bitewe nuko abakicuruza bashimye kukinyegeza mu ntumbero yo kurindira ko Leta y-uburundi isubira gutangaza ko ibiciro vyaco vyaduze.
« Nubu abarundi babe baritegura kurondera ukwo baba barifata kuko igiciro c-igitoro kirongera gusubira kuduzwa umwanya n-umwanya kuko kw-isoko mpuzamakungu caduze cane bitewe n-intambara y-uburusiya na Ukraine imaze imisi iriko iraba. Leta ntakundi yobikora ni ngombwa ikiduze kuko na twe ntibiriko bituvako » Niko umwe mubarangurira igitoro hanze atashimye kwivuga izina yiganiye uruganda rwa UBM News.
Ayo makuru nyene abandanya atumenyesha ko Leta y-uburundi yipfuza kuduza igitoro gushika ku mafaranga ari hagati ya 3000 Fbu na 3500 Fbu kw-iritiro imwe. Tubmenyeshe ko umushikiranganji w-amazi n-amasoko ntanganguvu yaraheruka kumenyesha kw-igenekerezo rya 27 Nzero 2022 ko igiciro c-igitoro co mu bwoko bwa essence kivuye ku mafaranga 2400 Fbu kikaja ku mafaranga 2700 Fbu kw-iritiro. Ico mu bwoko bwa Mazout naco kivuye ku mafaranga 2350 Fbu kikaja ku mafaranga 2650 Fbu kw-iritiro. Ico gihe, akagunguru k-igitoro kagurishwa amadorare y-abanyamerika 86,5, muri kino gihe, akagunguru kamwe kakaba kagurwa amadorare y-abanyamerika 111.
Recent Comments