Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amera nkuwugabisha abarundi ko ibiciro vy-ibitoro bishobora gusubira kuduzwa vuba. Kubwa Perezida Ndayishimiye, ngo ntivyumvikana ukuntu ibindi bihugu vyamaze kuduza ibiciro vy-ibidandazwa nka vyose ariko uburundi arico gihugu kinakenye kubiruta kikaba kitariyumvira kuduza ibiciro . Ivyo Varisito Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa kane igihe hariko hatunganywa amasengesho y-umugambwe CNDD-FDD asozera uku kwezi kwa Ntwarante.
Ariko asa n-uwutegura imitima abarundi ku bijanye n-ishoboka ry-iduzwa ry-ibitoro, Perezida Ndayishimiye avuga ati :«jewe nsinshobora kwumva igihugu amakungu yose yafatiye ibihano , imyaka nkirya kuva mu 2015, ugaca usanga mu karere ico gihugu igitoro niho kizimbutse. Aka kantu konyene kabaye kuri Ukraine n-uburusiya , hose n-iburaya baciye barwiza kabiri ku gitoro. Muga twebwe turaca cumbagiza, ni twe turi abagorwa muga twe turacacumbagira. (…) Mu karere ibintu vyose vyaciye biduga n-ibitoro vyaciye biduga. Muga twebwe turacavuga ngo tubanze duhendahende, mbe tuzohendahenda gushika ryari?»
Tubamenyeshe ko ayo majambo Perezida Varisito Ndayishimiye ayashikirije mu gihe hari ubukene budasanzwe bw-igitoro mu gihugu cose ariko ibintu bikomeye cane mu ntara zo hagati mu gihugu gusumvya mu gisagara ca Bujumbura.





Recent Comments