Ibihugu bitanu vyo ku mugabane wa Afrika vyaraye bimenyekanye ko arivyo bizokwitabira igikombe c-isi c-umupira w-amaguru kizobera mu gihugu ca Qatar guhera kw-igenekerezo rya 21 Munyonyo gushika kuwa 18 Kigarama 2022. Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ndamukiza niho hategekanijwe itomboza ry-ibihugu kugira bishirwe mu mirwi.
Muri iy-indwi yanyuma yo gukuranamwo kugira haboneke ibihugu bizokina mu gikombe c-isi kizobera mu gihugu ca Qatar, Igihugu ca Senegal kikaba catsinze igihugu ca Misiri hifashishijwe gutera mw-izamu. Senegal ikaba yinjije penariti zitatu kuri imwe ya Misiri. Urundi rukino rukaba rwahuje Nigéria na Ghana, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo mirwi yose inganije igitsindo kimwe ku kindi.Ghana ikaba ariyo yaciye ironka amahirwe yo gukina mu gikombe c-isi yose kuko yari yatsinze Nigeria igitsindo kimwe k-ubusa hari mu rukino rwaheruka. Naho kubwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ikaba yatsinzwe n-igihugu ca Maroc ku bitsindo bine kuri kimwe. Umurwi wa Algérie nawo ukaba watsinzwe n-igihugu ca Cameroun ibitsindo bibiri kuri kimwe, maze Cameroun ica ironka amahirwe yo kwongera gusubira gukina mw-iryo higanwa ry-igikombe c-isi kuko umaze kuja mw-iryo higanwa incuro munani.Urukino rwanyuma rukaba rwahuje kuri uyu wa kabiri n-ibihugu vya Mali na Tunisie,iyo mirwi yose ikaba yanganije ubusa k-ubundi, Tunisie ikaba yaciye ironka amahirwe yo kuzoja gukinira muri Qatar kuko ubuheruka yari yatsinze Mali igitsindo kimwe ku busa.
Ibi bihugu bitanu vya Afrika vyaraye bironse uburenganzira bwo kuzoja gukinira muri Qatar vyiyongera ibindi bihugu 26 vyo kuyindi migabane hamwe n-igihugu ca Qatar kizokwakira ayo mahiganwa.
Recent Comments