Umwe mu barongozi b-ishirahamwe rikekwa guhingura ibiyayuramutwe yaratorotse ibohero rya Rumonge.

0

Kubw-amakuru aturuka mw-ibohero rikuru rya  Murembwe, yemeza ko umurwizatunga w-umunyakenya Joseph Mboye Nyamuthe yatorotse ku musi wa gatanu w-iy-indwi iriko irasozerwa, hakaba hari mu masaha yo mw-ijoro. Uwo murwizatunga wo mu gihugu ca Kenya  yatorotse ava mu bitaro vya Rumonge aho yari yajanywe kuvurirwa.  Aho yararwariye yaracunzwe n-abapolisi babiri. Ayo makuru nyene yemeza ko Joseph Nyamuthe yajanywe kuvuzwa mw-ivyo bitaro vya Rumonge kw-itegeko ry-icegera c-uwurongoye ivuriro  ryo mw-ibohero rya Murembwe umupfasoni Adeline Ndayisenga.MPs urged to advocate teachers' welfare | Education News| The Leading  Newspaper on Education News

Inyuma yo kumenya ko Joseph Nyamuthe yatorotse , Icegera c-umukuru w-ibitaro  vyo mw-iryo bohero   arikumwe n- Icegera c-umukuru w-iryo bohero hamwe n-ababa polisi babiri bari bacungeye Nyamuthe ku bitaro bose baciye bafatwa, bakaba mw-iki gihe bafungiwe mu gasho ka birigade ya Rumonge.

Tubamenyeshe ko Uwo murwizatunga wo mu gihugu ca Kenya yari umuyobozi w-ishirahamwe PONA Pharmaceuticals ari kumwe n-uwundi murwizatunga w-umurundi Prosper Hakizimana batazira ˮGisiga‟. Iryo shirahamwe rikaba ryagirijwe kuba ryakora urudandazwa rw-ibiyayuramutwe bikorwa mu bumara bwa Ephedrine hamwe na Ketamine vyakoreshwa n-imirwi y-iterabwoba  Al-shabab yo mu gihugu ca Somariya. Abo barongozi ba PONA Pharmaceuticals bari bahagaritswe mu mpera zo mu kwezi kwa Ntwarante uy-umwaka, inyuma y-uko ibihugu bimwe bimwe  birwanya ivyo biyayuramutwe bibarije Leta y-uburundi  ibijanye n-ubwo bumara bwinjira mu gihugu k-urugero rurengeje  urwemerewe kwinjizwa buri muri gihugu cose co kw-isi. Ubwo bumara bwahavuye bukorwamwo ivyo biyayuramutwe bwinjiye k-uruhusha rw-umushikiranganji w-amagara y-abantu umuganga Thadee Ndikumana.  Irindi soko riva mu bakozi b-ishirahamwe PONA rivuga ko ibihangange biri mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD  Vyoba bifisemwo uruhara mw-itorokesha ry-uwo murwizatunga Joseph Nyamuthe. Babivuga bafatiye ku kuntu abo bakoresha babo harimwo uwo munya kenya bari bafitaniye cane imishikirano ikomeye .