Perezida Ndayishimiye aragirizwa na bamwe ko yahonyanze imigenzo ijanye n-ingoma y-uburundi.

0

Mu gihe yariko asezera mugenzi we wo mu gihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan, umukuru w-igihugu c-uburundi bumwe m-ubuganuke yamuhaye uwo munyacubihiro harimwo ingoma. Bamwe mu bize ivy-akahise ku Burundi babona ko Perezida Ndayishimiye yahemukiye ibanga ry-imigirwa ijanye n-ingoma y-uburundi isanzwe isigura inganji .Les merveilles du plus beau pays BURUNDI : Danse rituelle et tambours royaux du Burundi

Nk-uko bivurwa na bamwe mu bahinga muvy-akahise hamwe n-akaranga vy-uburundi, ingoma y-uburundi ifise insiguro y-ubutegetsi hamwe n-inganji . Iyo ingoma iri mu minwe y-umutegetsi bisigura ko iba yubashwe cane kandi ngo ntiba ikwiye guhabwa n-umuntu numwe. Ngo Kubona Umukuru w-igihugu c-uburundi yahaye ingoma y-uburundi Perezida wa Tanzaniya nk-akaganuke bisa nk-uko Perezida Varisito Ndayishimiye  yatanze igihugu c-uburundi kuko ingoma ifatwa nk-ikidodo c-igihugu May be an image of 1 person, standing and indoor

Abo basanzwe ari abahinga muvya Kahise hamwe n-akaranga vy-uburundi barongera bakanegura ukuntu ingoma y-uburundi isirwa ayandi mabara y-ikindi gihugu canke igahabwa ibindi bimenyetso bitari ivy-uburundi, aho bakavuga ukuntu ingoma y-uburundi yahawe Perezida Samia Hassan wa Tanzaniya yari yasizwe amabara arimwo nay-igihugu ca Tanzaniya. Kubw-abo banonosoye ivy-akaranga na Kahise k-uburundi, babona ko  Perezida Varisito yoba yafashe ingoma y-uburundi nk-igikinisho mukwiyumvira kuyiha uwundi muntu.