Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yagirizwa na Perezida Ndayishimiye ko ari muyarya Ruswa.

0

Mugihe yariko abazwa n-abamenyeshamakuru bo kuri FRANCE24 na RFI kuvyegeranyo vyama vyatanzwe n-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Poritike bivuga ko mu Burundi igiturire ciraye, Umukuru w-igihugu c-uburundi  yerekanye nyabuna ko ari ayo mashirahamwe ariyo arya ibiturire.Discours de SE Evariste Ndayishimiye lors de la réunion bilatérale à  Malabo, avec son homologue de la Guinée Equatoriale

ˮMwibuke ko abagize amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike agizwe n-abananiwe gukina poritike munyuma bagaca bahungiramw-ayo mashirahamwe. Ariko  babandanya bakina poritike  bakereka  amakungu ko aria bantu b-intungane  kandi aribo bwabo barya ibiturire , ndazi ubwanje jewe abari mu mashirahamwe  yo kurwanya ibiturire  nibo  baba abambere mugutegura kubirya hamwe nokwiga ukungene biba bakoranye na bamwe mu bategetsi  bari muri Leta. Iyo Abayobozi banyuruje amatungo ya Leta , ayo mashirahamwe acaba ayambere mukwihuta kubavugira‟

Umwe mubari mu mashirahamwe biboneka cane ko ajejwe kurwanya ibiturire  perezida Ndayishimiye asa n-uko ari muwo yadomyeko  urutoki, Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME avuga ko ivyavuzwe na Perezida Ndayishimiye bwoba ari uburyo bwoguca intege canke bateshe agaciro abiyemeje kurwanya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-amatungo ya Leta. Bamwe  mu barundi,   bobo babona  ko kubona Perezida Varisito Ndayishimiye yubahutse kuvuga ko abasohora ivyegeranyo  ku biturire biribwa mu Burundi bari mubabirya, biboneka ko yakwefye cane ikibazo nyamukuru kihanze igihugu.