Umupfasoni Béatrice Nyamoya yarafashwe n-abapolisi kuri uyu wa gatandatu ku kibuga c-indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye igihe yaravuye mu mahanga aho yaramazeyo hafi ukwezi. Kuva ico gihe akaba afungiwe mu gasho k-igendereza i Bujumbura.
Nkuko bivurwa n-abaryango biwe, agiheza kwururuka indege ntiyaronse akanya ko kuramukanya n-abaryango, incuti n-abagenzi biwe bari baje kumutegera. Yagiye abona afatwa butarariye n-abapolisi harimwo n-abakozi bo mw-iperereza.
Kubw-amakuru yo kwizera abandanya aja ahabona, Uwo mupfasoni yize ivy-amategeko afungiwe mu biro bikuru vy-iperereza ry-uburundi . Ariko nta mvo n-imwe iramenyekana icatumye ahagarikwa. Mu kiganiro yahaye bagenzi bacu b-iradiyo Isanganiro, Sixte Vigny Nimuraba arongoye umurwi CNIDH yamenyesheje ko azi ayo makuru ajanye n-ifatwa ry-uwo mukenyezi., akabandanya atomora ko Béatrice Nyamoya yafashwe ku mvo z-amatohoza.
Tubamenyeshe ko Umupfasoni Béatrice Nyamoya ari mushiki wa François Nyamoya asanzwe ari umunyamabanga mukuru w-umugambwe MSD, ndetse akaba ari mubaheruka gusohorerwa umutahe mpuzamakungu n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi mukumwagiriza atavyemezo afise ko ari mu batumye abakoze ibitero bitandukanye mu gihugu c-uburundi hagati y-amezi ya Ndamukiza na Nyakanga uyu mwaka. Gushika ubu, ntibiramenyekana neza ko uwo mupfasoni yoba ariko azira musazawe canke ikindi kintu.
Béatrice Nyamoya akaba hari haciye imyaka ibiri akukurutse m kazi yahora akoramwo ko mu bugenduzi bukuru bwa Leta . Akaba kandi yararongoye ishirahamwe ry-abakenyezi bize ivy-amategeko AFJU.
Recent Comments