UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umwe mu bapfasoni baharanira agateka k-abakenyezi arafungiwe mu biro vy-iperereza.

Umupfasoni Béatrice Nyamoya yarafashwe  n-abapolisi kuri uyu wa gatandatu ku kibuga c-indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye igihe yaravuye mu mahanga aho yaramazeyo hafi ukwezi. Kuva ico gihe akaba afungiwe mu gasho k-igendereza i Bujumbura.Ivyinyegeje nyuma y'inyuruzwa rya Beatrice Nyamoya mu Burundi//umviriza vyishi ngaha!! - YouTube

Nkuko bivurwa n-abaryango biwe, agiheza kwururuka indege ntiyaronse akanya ko kuramukanya n-abaryango, incuti n-abagenzi biwe bari baje kumutegera. Yagiye abona afatwa butarariye n-abapolisi harimwo n-abakozi bo mw-iperereza.

Kubw-amakuru yo kwizera abandanya aja ahabona, Uwo mupfasoni yize ivy-amategeko  afungiwe mu biro bikuru vy-iperereza ry-uburundi . Ariko nta mvo n-imwe iramenyekana icatumye ahagarikwa.  Mu kiganiro yahaye bagenzi bacu b-iradiyo Isanganiro, Sixte Vigny Nimuraba arongoye umurwi CNIDH yamenyesheje ko azi ayo makuru ajanye n-ifatwa ry-uwo mukenyezi., akabandanya atomora ko Béatrice Nyamoya yafashwe ku mvo z-amatohoza.

Tubamenyeshe ko Umupfasoni Béatrice Nyamoya  ari mushiki wa François Nyamoya asanzwe ari umunyamabanga mukuru w-umugambwe MSD, ndetse akaba ari mubaheruka gusohorerwa umutahe mpuzamakungu n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi mukumwagiriza atavyemezo afise ko ari mu batumye abakoze ibitero bitandukanye mu gihugu c-uburundi  hagati y-amezi ya Ndamukiza na Nyakanga uyu mwaka. Gushika ubu, ntibiramenyekana neza ko uwo mupfasoni yoba ariko azira musazawe canke ikindi kintu.

Béatrice Nyamoya akaba hari haciye imyaka ibiri akukurutse m kazi yahora akoramwo ko mu bugenduzi bukuru bwa Leta . Akaba kandi yararongoye ishirahamwe ry-abakenyezi bize ivy-amategeko AFJU.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments