UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ethiopie: Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yatangaje ko agiye kwishikira ubwiwe ku rubuga rw-intambara.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed, yaraye atangaje kuri uyu wa mbere ko agiye kuja imbere ingabo ziri ku rugamba rw-intambara  yo kurwanya abaroberi b-umuhari TPLF hamwe n-abo bicuditse hamwe. Ni mu gihe intambara imaze umwaka iriko yegereza ku murwa mukuru w-ico gihugu uri i Addis-Abeba.Abiy Ahmed: Ethiopia's Nobel peace laureate cracks down on ethnic violence - Axios

Abicishije  ku rubuga rwa Twitter , Abiy Ahmed yavuze ko azoja imbere y-ingabo ziwe ku rubuga rw-intambara . Yongeye asaba abiyumva ko ari abana b-igihugu guhaguruka kurwanira igihugu  kuva umusi w-ejo abivugiye. Abasaba kuja guhurira ku rubuga rw-intambara .

Tubamenyeshe ko izo ntambara zimaze guhitana ubuzima bw-ibihumbi vy-abantu , zongera zituma ibihumbi amajana binjira mu bihe bidasanzwe vy-inzara , nkuko bivurwa n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments