Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed, yaraye atangaje kuri uyu wa mbere ko agiye kuja imbere ingabo ziri ku rugamba rw-intambara yo kurwanya abaroberi b-umuhari TPLF hamwe n-abo bicuditse hamwe. Ni mu gihe intambara imaze umwaka iriko yegereza ku murwa mukuru w-ico gihugu uri i Addis-Abeba.
Abicishije ku rubuga rwa Twitter , Abiy Ahmed yavuze ko azoja imbere y-ingabo ziwe ku rubuga rw-intambara . Yongeye asaba abiyumva ko ari abana b-igihugu guhaguruka kurwanira igihugu kuva umusi w-ejo abivugiye. Abasaba kuja guhurira ku rubuga rw-intambara .
Tubamenyeshe ko izo ntambara zimaze guhitana ubuzima bw-ibihumbi vy-abantu , zongera zituma ibihumbi amajana binjira mu bihe bidasanzwe vy-inzara , nkuko bivurwa n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Recent Comments