Guhera kuri uyu wa 23 gushika kuwa 28Munyonyo 2021, Igihugu c-uburundi kirakira ihiganwa mpuzamakungu ry-abigeme ryo kunyonga amakinga. Iryo higanwa rikazoba ari irya mbere rizoba ritunganijwe mu Burundi ndetse no mu karere uburundi busanzwe burimwo.
Nkuko tubisoma ku rubuga rwa facebook rw-ishirahamwe ryo kunyonga amakinga, ibihugu bigiye kwitabira iryo higanwa bikaba bigera kuri bitandatu, arivyo: Rwanda, Kenya, Tanzaniya, Republika iharanira intwaro rusangi, hamwe naUganda.
Ukwo bitegekanijwe, intara abo bahiganwa ku makinga bazocamwo ari: igisagara ca Bujumbura, intara za Gitega, Ngozi, Kayanza na Cankuzo.
Recent Comments