UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umwana w’umukobwa wa Perezida Ndayishimiye aravurwa guhabwa amasoko menshi ya Leta atahiganwa ribaye.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye bivurwa ko asigaye akoresha ka mwana wa mama mukwegurira amasoko ya Leta abana biwe hahonyanzwe amategekoagenga ivyo gutanga amasoko. Kamwe mu burorero butangwa ni umukobwa wiwe atwara amasoko ya Leta abarizwa mu mafaranga arenga umumiriyaridi umwe w’amarundi mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB hamwe no mu biro vy’umukuru w’igihugu nyene.

Kubw’amatohoza yakozwe n’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA isanzwe ikorera mu buhungiro kuva mu 2015, n’uko Ishirahamwe ry’umwana w’umukobwa wa perezida Ndayishimiye ryitwa BENE NTARE, niryo rimaze igihe rihabwa amasoko ya Leta ku mafaranga menshi biciye mu guhonyanga agenga amasoko ya Leta. Akarorero ka hafi RPA itanga ni ak’isoko rya Leta ryo gutumako udupira twokwambara tw;abakozi b’ibanki nkuru y’igihugu BRB yahawe ishirahamwe ry’umwe mu bana b’abigeme ba Perezida Ndayishimiye. Iryo shirahamwe rikomoka kuri BENE NTARE ryitwa Modal company rikaba rivuga ko ryanonosoye ivyo kubarira . Iryo soko ryo kuzana udupira ryahawe mu kwezi guheze amafaranga arenga imiriyoni 100 z’amarundi.

Mu guhiganirwa iryo soko, umukobwa wa Perezida Ndayishimiye akaba yazanye amashirahamwe atatu yose biboneka ko ari ayo umuntu umwe bivanye n’uko bihenze bagashirako inomero imwe ya terefone kuri ayo mashirahamwe yompi ukwo ari atatu vyitwa ko ariko ahiganirwa isoko. Muri kino gihe, Ibanki nkuru y’igihugu iriko yegurira ishirahamwe ry’uwo mwana wa perezida Varisito Ndayishimiye irindi soko ryo kuzana imyambaro isa ya iniforome y’abakozi ba BRB iciye amafaranga yababa umumiriyaridi w’amahera y’amarundi.

Iruhande y’amasoko y’impuzu z’abakozi b’ibanki nkuru y’igihugu BRB, uyo mwana w’umwigeme w’umukuru w’igihugu c’uburundi afise kuva mu ntango zo mu 2022 isoko ryo kugaburira abakozi bose b’ibiro vy’umukuru w’igihugu bitwa KWA NTARE.

Abakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu bahaye amakuru iradiyo RPA bamenyesha ko ivyo bikorwa mw’ibanga kandi ko hakorwa iterabwoba ku muntu wese yoba yipfuza mu kwerekana ko hoba hahonyanzwe amategeko ajanye n’itangwa ry’ayo masoko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments