Sunday, March 26, 2023
HomeNewsGitega: Abantu 24 bakekwa kuba bari mubahuza ibitsina babisangiye barapfunzwe.

Gitega: Abantu 24 bakekwa kuba bari mubahuza ibitsina babisangiye barapfunzwe.

Abantu bagera kuri 24 bagizwe n’abagabo, abagore n’urwaruka barapfungiwe mu gasho ka komisariya k’intara ya Gitega kuva kuwa 23 Ruhuhuma 2023. Abategetsi bo mw’iyo ntara ya Gitega bakaba biketse abo bantu ko bari boba bari mu bahuza ibitsina babisangiye abo bita aba “homosexuel” mu rurimi rw’igifaransa.

Ikinyamakuru Sos Médias Burundi kivuga ko abantu bahagaritswe n’igipolisi barikumwe n’iperereza igihe bari mu nyigisho zariko zibera hagati mu gisagara ca Gitega. Ico kinyamakuru kikamenyesha ko abo bantu bahawe uburenganzira bwo kurondera ababuranira.

Tubamenyeshe ko uburundi buhanisha abahuza ibitsina babisangiye kuva gufungwa imyaka ibiri irenga hamwe no gucibwa amande. Gushika uy’umwanya, inzego z’ubutungane n’iz’umutekano zikorera mu ntara ya Gitega ntaco ziragira ico zivuze kw’ihagarikwa ry’abo bantu.

Must Read