Igihugu c’uburundi kigiye gutakaza imiriyoni zirenga 40 z’amadorari y’abanyamerika ku mafaranga ibanki y’isi yose yari yageneye uburundimw’irangurwa ry’imigambi mu mwaka wa 2022ushira uwa 2023. Ayo madorare rero yavuye ku miriyoni 220 aja ku miriyoni 180 z’amadorare.
Umushikiranganji w’ikigega ca Leta akaba yabishikirije kuri uyu wa kane mu gihe hari hakoranye inama yo kuraba aho igice ca mbere c’umugambi wo mu 2019 ushira umwaka wa 2023 hagati yo gufashanya kw’uburundi n’ibanki y’isi yose ugeze. Audace Niyonzima avuga ko ivyo biva kugusamara kw’abashinzwe iyo migambi batubahiriza ikiringo bahawe.
Umuhinga muvy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi ngo bahindure ingendo avuga ko ari akamaramaza kubona amafaranga y’agaciro angana nkuko asubira inyuma n’ukuntu uburundi busanzwe buyakenye ku rugero rudasanzwe. Kubwa Faustin Ndikumana, ngo kugira ivyo birinde bimere ukwo , ababijejwe bata umwanya mu biturire no mu nyungu zabo gusa.