Kubw’umuyobozi w’indero mu gisagara ca Bujumbura ngo itangwa ry’ikibazo ca Leta ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda cariko kirakorwa ryagenze neza mu mashure yo muri komine Ntahangwa, kiretse hamwe hamwe hagiye haribonekeza ikibazo c’abigisha bacerwa kubera bava ruguru, ahandi naho ikibazo kigateba gutangura kubera gushira ku rutonde ibintu hamwe n’ukubura ama copies akwiye abanyeshure vyagiye biribonekeza. Akaba yiteze ko ku munsi w’ejo vyose bizogenda neza.
Aho ni nko kw’ishure rya Lycée Clarte Notre Dame de Vugizo aho ikibazo catanguriye kw’isaha, igihe c’isaha zine hakaba hari abanyeshure bahejeje bari batanguye gutaha. Aho naho hakaba hakoreye abanyeshure 190. Manirakiza Gilbert ahagarariye ico kibanza akamenyesha ko abanyeshure 190 aribo bahakoreye, 2 n’abo bakaba batatonze kubera ko bahevye amashure.
Kuri Lycée Municipal
Ngagara ahasanzwe hariko harakorera amashure ya Lycee Municipal Ngagara na Lycée Saint Gabriel, hakaba hari hitezwe gukorera abanyeshure 251, ariko 4 bakaba basivye ku mvo zitamenyekanye hamwe n’umwe atisanze ku rutonde. Igihe twahaca isaha zitanu, twasanze abanyeshure bataratangura ikibazo ca kabiri kubera 8 muri bo bari babuze ama copies.
Kuri Lycee Municipal Kamenge hoho hariko hakorera amashure ya Ecofo Kamenge 1, Lycee Technique de la Foi, Eugene Nzigirabimba arongoye iyo centre akamenyesha ko batanguye isaha zitatu zirenga iminota 15 kubera kubanza gushira ibintu ku rutonde n’uguhamagara abanyeshure.
Kw’ishure rya Mutima Mweranda, Lycée du Saint-Esprit, abanyeshure 5 nibo bisanze batari ku ntonde, hakaba hakoreye abanyeshure 186, 4 bakaba n’abo batatonze.
Recent Comments