Umuhari ugwanya leta y’u Rwanda urahakana ibivugwa ko utera ico gihugu uturutse ku butaka bw’u Burundi.

0

 

Umuvugizi w’umuhari FLN, S-Lt Irambona Steven Tamboula, yanditse mw’itangazo rigenewe abamenyeshamakuru ko bateye mu karere ka Nyaruguru mu murenge wa Nyabimata hamwe no mu Karere ka Rusizi mu murenge wa Bweyeye, hamwe bahica abasirikare 6 b’Urwanda ahandi 15.

Avuga ati: “Ingabo za FLN, kw’itariki 23 z’ukwezi kwa gatanu mu 2021 zagavye ibitero bibiri bikomeye ku ngabo za RDF.

“Igitero ca mbere cabereye mu karere ka Nyaruguru mu murenge wa Nyabimata, mu kagari ka Ruhinga mu misozi ya Nyanzare, RDF ihatakariza abasirikare 6 abandi benshi barakomereka. FLN nta co yahatakarije. Hari hagati y’isaha 11h40 na 12h10 z’ijoro.

Abagwanyi ba FLN barahakana bivuye inyuma gukora ivyo bitero bavuye ku butaka bw’Uburundi, ko basanzwe bafise ibirindiro vyabo mu Rwanda kuva mu 2018.

Bavuga kandi ko batambara impuzu z’igisirikare c’Uburundi, ahubwo bakavuga ko ingabo za RDF zerekana impuzu z’abasirikare b’Uburundi bahunze bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi mu 2015, ubu ngo bakaba babarizwa mu muhari RED-TABARA ugwanya reta ya Gitega ukoresheje ibigwanisho.

Uwo muhari urangiza itangazo ryawo usaba akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi, ishirahamwe mpuzamakungu Onu hamwe n’ubumwe bwa Afrika kugondoza reta y’Urwanda ngo yemere ibiganiro n’abo batavuga rumwe, ngo bitabaye ivyo FLN izobandanya ibitero kubo yise reta y’agatsiko n’igisirikare c’ubwoko bumwe.

Ni mugihe kuri uyu wa mbere, igisirikare c’Urwanda cari casohoye itangazo cagiriza u Burundi ko abateye u Rwanda bazananye ku butaka bw’ico gihugu (Burundi), munyuma yaho naho igisirikare c’u Burundi kikaba caciye gisohora irindi tangazo ryo guhakana ibivugwa n’u Rwanda.